R.I.P Capitaine Ahimboneye Quentin yiciwe kurugamba RDC Congo yishwe na M23

URUGENDO NEWS
URUGENDO NEWS
7.9 هزار بار بازدید - - 🔴 Iruhukire, Capitaine Quentin Ahimboneye.Indwi
🔴 Iruhukire, Capitaine Quentin Ahimboneye.
Indwi iheze ntiyoroheye abasirikare b'Uburundi bari kugwana na M23 muri Nord-Kivu (RDC). Inyuma y'indwi zitari nke z'agahengwe, abasirikare b'Uburundi baratewe mu birindiro bari barimwo. Aho ni mu gihe nabo, nkuko amasoko yacu mu basirikare b'abarundi abivuga, bari basanzwe bariko baritegurira ibitero bikomeye bokoze kuva kw'igenekerezo rya 15.5.2024. Aho gutera, baratewe. Mu bitero M23 imaze imisi ikora, yarigaruriye uturere dukomeye nka Rubaya, Ngungu n'ahandi. Tumwe muri utwo turere twari ducunzwe n'abarundi. Ivyashikiye abasirikare b'Uburundi mu ndwi iheze bihakwa gusa n'ivyari vyabashikiye muri kigarama 2023 : ibitigiri vy'abapfuye n'abafashwe mpiri ntibizwi, hari n'abasanzaye mu mashamba. Turacabitohozako.
Umwe mu basirikare bahitanywe n'iyi ntambara ni intwazangabo yitwa Capitaine Quentin Ahimboneye. Hari umugenzi wiwe yatwandikiye yipfuza kumusezera. Yagize ati :
🔴 "Ndipfuza kubayagira intwari Capitaine Quentin Ahimboneye".
"Uyu musirikare mubona tubuze ntiyari asanzwe. Jewe namumenye kuva mu buto, twariganye, twari abagenzi bakomeye. Twasangiye urugendo rurerure ntipfuza kuvuga hano kumvo mutayobewe. Quentin yavutse mu 1989, ku mutumba wa Muyange muri komine Busoni mu ntara ya Kirundo. Abavyeyi biwe bose barapfuye asigarana abavukanyi, ariko ivyo ntivyigeze bimuca intege. Vyamuhaye kugira umwete udasanzwe mu mashure no mu kurondera ubuzima. Yarize kuri Collège communal ya Kabanga na kw'iseminari y'i Muyinga. Yahavuye yinjira mw'ishure kaminuza ya gisirikare muri promotion ya 43, yari afise Matricule SS2426.
Quentin Ahimboneye yari umusore atangaje. Abamuzi bose bamuzi ko yavuga make ariko agakundana cane. Yari umuvukanyi wa bose vy'ukuri. Yari umuntu arajwe ishinga no kwiteza imbere, ugiye ku rubuga rwiwe rwa Facebook ubonaho ibintu vyinshi bijanye no kudandaza. Umutwe wiwe wabaho wibaza ico umuntu yokora ngo atere imbere. Utamuzi ntiwonamenye ko ari intwazangabo mu gisirikare, kiretse umusanze mu kazi kiwe ka misi yose.
Quentin yari umuntu ashaza cane, yashaza ku mubiri no ku mutima. Vy'ukuri Uburundi burahomvye kubona bubuze uyu musore, hari vyinshi yari atubikiye.
🔴 Ni agasaga mugenzi !
Quentin twahora tuvugana hafi imisi yose kuri telefone. Ku wakabiri w'indwi iheze, naramwandikiye ubutumwa bwasa n'ubwihuta, ntiyishuye. Ariko yarabusomye. Mu nyuma yarampagaye ntiyavuga, anyumvisha ivyo yarimwo : numvise amasase ateye ubwoba yariko arasirana. Sinamenye neza ikibanza yarimwo. Ku wakane natonse ubutumwa bw'umugenzi wundi bari kumwe muri Congo, ati : "Quentin kabaye". Nta kindi namenye. Kuva ubwo nta gakuru ka Capitaine Quentin Ahimboneye.
Ndashima runo rubuga ruduha akanya tukavuga amateka y'abacu. Sindabizi ko nzoronka akanya ko gusezera iyi ntwari yacu, umugenzi twagendanye tutagenzanya. Mpora mbona bamwe bashavura iyo muvuze izi ngabo zacu. Benshi mu basirikare bacu bari mu ntambara badatahura, kandi baratubwira ko ku rugamba batorohewe kubera batagira ibikoresho bikwiye. Congo bapfira ntizobaha iteka. Ntizigera yemera ko Capitaine Quentin Ahimboneye yayipfiriye. Uburundi bubarungika ntibushaka kubibuka. Ntibuzigira buhimbaza ubutwari bwa Capitaine Quentin Ahimboneye. None na twebwe tubazi tunume koko ? Abacu boba badutera isoni iyo baguye ku rugamba ?
Mon Capitaine Quentin Ahimboneye, iruhukire amahoro. Ndasabiye abavukanyi usize kwigumya muri bino bihe bitoroshe na gato. Abagenzi n'abakunzi bawe twari benshi, tuzama tukwibuka. Ruhuka mugenzi."
🔴 Kuri runo rubuga natwe turahojeje umuryango wa Capitaine Quentin Ahimboneye. Abandi bamaze kumenya ababo bahitanywe n'iyi ntambara, muratwandikire kuri WhatsApp +32465651905.
------------------
Hari abababazwa nuko tuvuga amakuru y'abasirikare b'Uburundi bagwa ku rugamba muri Nord-Kivu. Bamwe bakanatubaza impamvu tutavuga Abo mu bindi bihugu. Ku bwacu, birahambaye ko abarundi baronka amakuru y'ibiberekeye. Kugeza ubu ntidutahura impamvu Ubutegetsi bw'Uburundi bwagiye kwisuka muri iyi ntambara batiteguriye, ikaba iriko itumarira abacu. Uburundi bwari bwahawe ibanga ry'ubushingantahe, uruhara rwacu rwobaye urwo kwumvikanisha abavukanyi bashamiranye. Turazi twese ko intambara z'abavukana zihezwa n'ukuganira.
Kuri runo rubuga tuzobandanya kwakira ibibazo vy'abasirikare bari muri Congo be n'ibibazo vy'imiryango yabo. Runo rubuga ntigwagenewe #RyogoraDuhure, ruha ijambo Abarundi bavyipfuza kubera batagira aho bavugira. Ibibazo vy'abasoda b'ibindi bihugu navyo bivugwa n'abanyagihugu bavyo.
#Amakuru_yurugendo_news
#Updats_zurugendo_news
#Interviews_zurugendo_news
Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
Amakuru ya RPA yihuta
Amakuru ya  Haguruka yihuta
Amakuru yinzamba yihuta
Amakuru ya  Peace FM yihuta
Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye
55 سال پیش در تاریخ 1403/04/18 منتشر شده است.
7,955 بـار بازدید شده
... بیشتر