Inkurunziza ku Burundi nu Rwanda,nyuma y'umubonano w'abashikiranganji,gahunda yo kugurura imbibe..

URUGENDO NEWS
URUGENDO NEWS
29.5 هزار بار بازدید - هفته قبل - Kugurura Imbibe
Kugurura Imbibe #𝗕𝘂𝗿𝘂𝗻𝗱𝗶_𝗥𝘄𝗮𝗻𝗱𝗮 nyuma y'umubonano.
𝗜𝗺𝗶𝗴𝗲𝗻𝗱𝗲𝗿𝗮𝗻𝗶𝗿𝗲 𝗵𝗮𝗴𝗮𝘁𝗶 𝘆'𝗨𝗯𝘂𝗿𝘂𝗻𝗱𝗶 𝗻'𝗨𝗿𝘄𝗮𝗻𝗱𝗮 𝘆𝗼𝗯𝗮 𝗶𝗴𝗶𝘆𝗲 𝗴𝘂𝘀𝘂𝗯𝗶𝗿𝗮 𝗸𝘂𝗺𝗲𝗿𝗮 𝗻𝗲𝘇𝗮?
Mu gihe hamaze imisi hari icuka kibi hagati ya leta ya Gitega na leta ya Kigali,abashikiranganji babiri b'ayo ma leta bajejwe imigenderanire barabonanye kur'uwu wa gatandatu 06/07/2024 mw'izinga rya Zanzibar,mu gihugu ca Tanzaniya.
Amakuru adushikira yemeza ko Olivier JP NDUHUNGIREHE,asanzwe ari umushikiranganji  w'imigenderanire muri leta ya Kigali na Albert SHINGIRO,umushikiranganji w'imigenderanire muri leta ya Gitega bumvikanye ko bagiye gutorera inyishu ibibazo biri hagati y'ivyo bihugu.
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa X ejo hahise,Olivier JP NDUHUNGIREHE nduhungirehe yagize ati:"𝗜𝘆𝗶 𝗻𝗶 𝗶𝗻𝘁𝗮𝗻𝗴𝗼(𝗶𝗻𝘁𝗲𝗴𝘂𝗿𝗼):𝗥𝗲𝗸𝗮 𝘃𝘂𝗯𝗮 𝗱𝘂𝘁𝗼𝗿𝗲𝗿𝗲 𝗶𝗻𝘆𝗶𝘀𝗵𝘂 𝗶𝗻𝗴𝗼𝗿𝗮𝗻𝗲 𝘇𝗶𝗱𝘂𝗵𝗮𝗻𝘇𝗲."
Albert SHINGIRO nawe ku rubuga rwiwe rya X ahejeje kugira ati:"𝗜𝗯𝗶𝘆𝗮𝗴𝗼 𝗻𝗶 𝘄𝗼 𝗺𝘂𝘁𝗶 𝘂𝗸𝗼𝗺𝗲𝘆𝗲 𝗺𝘂𝗴𝘂𝘁𝗼𝗿𝗮 𝗶𝗻𝘆𝗶𝘀𝗵𝘂 𝘇'𝗶𝗻𝗴𝗼𝗿𝗮𝗻𝗲 𝗵𝗮𝗴𝗮𝘁𝗶 𝘆'𝗮𝗺𝗮 𝗹𝗲𝘁𝗮."
Twibutse ko ico cuka kibi kiri hagati y'ivyo bihugu bibiri ari co catumye igihugu c'Uburundi gifata igingo yo kugara imbibe zose zo hasi zigihuza n'igihugu c'Urwanda kuva kw'igenekerezo rya 11/01/2024.
King Umurundi Le 07/07/2024#amakuru_atarikwivumbi
#urugendo_news_amakuru
#Updats_zurugendo_news
Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
Amakuru ya RPA yihuta
Amakuru ya  Haguruka yihuta
Amakuru yinzamba yihuta
Amakuru ya  Peace FM yihuta
Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye
هفته قبل در تاریخ 1403/04/17 منتشر شده است.
29,547 بـار بازدید شده
... بیشتر