Joy Umukobwa wa Bunyoni,yategetswe gukurimumpuzu zose asakwe😭||muri DD basaba #NEVA kurkura Bunyoni

URUGENDO NEWS
URUGENDO NEWS
54 هزار بار بازدید - 2 ماه پیش - Akamaramaza : Umukobwa wa Général
Akamaramaza : Umukobwa wa Général Bunyoni yaraye asabwe gukura impuzu zose imbere y'abapolisi kugira yemererwe kugemurira se !
Joy Akimana (benshi bita Joy Bunyoni) ni imfura ya Général Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi, ubu akaba apfungiwe mw'ibohero rikuru rya Gitega. Mu cumba apfungiwemwo wenyene kandi gicunzwe bidasanzwe, Général Bunyoni arekuriwe kwakira umukenyezi wiwe n'abana biwe gusa. Ubundi baraza kumuraba, bakabanza gusakwa n'abapolisi, hanyuma bakabona kumushikira, bakanamugemurira imfungurwa. Iyo bagiye muri ico cumba Bunyoni apfungiwemwo, bano baryango biwe baherekezwa n'abapolisi babiri, bakicara imbere yabo kugira bakurikire ibiyagwa vyose kandi bacunge ivyo Bunyoni yoshobora guhabwa. Ivyo umuryango wari warabimenyereye, nta kibazo vyari biwuteye.
🔴 Ejo haheze habaye akamaramaza...
Ejo haheze (22.5.2023), Joy Akimana yaragemuriye se mw'ibohero rikuru rya Gitega nkuko vyahora. Ariko icamutangaje nuko abapolisi bamutegetse ko ategerezwa gukura impuzu zose, harimwo n'agahuzu ko musi, bakazisaka, hanyuma nawe nyene bakamusaka ataco yambaye, maze bakabona kumuherekeza mu cumba Général Bunyoni apfungiwemwo.
Joy Akimana yarumiwe yumvise ivyo bintu. Aca yitura uwurongoye abo bapolisi, nawe nyene ashimangira ya majambo. Joy Akimana ahamagara umuyobozi w'ibohero, nawe nyene ati : utemeye ivyo bagusavye shaka usubire inyuma. Joy Akimana arabagumukana ko bariko bamusaba ibintu bidakorwa, uruhagarara ruraduka, kugeza aho umukuru w'igipolisi mu ntara ya Gitega ahishikira, nawe nyene avuga vya bindi nyene, yongerako ko itegeko ryavuye hejuru. Joy Akimana yararondeye Umushingwamanza wa Général Bunyoni, uyo nawe arondera abatwara CNIDH be n'umushikirizamanza kizigenza wa republika, arababura. Vyakabaye kera, Joy Bunyoni yahisemwo gusubira inyuma, aratahana ivyo yari agemuye.
🔴 Haravugwa intumbero zo kugirira nabi Général Bunyoni
Hagati aho, bamwe mu begereye Général Bunyoni baravuga ko hariho amakuru adahumuriza ameze nk'ibihuha baza bararonka. Amwe muri ayo makuru avuga ko hariho intumbero yo kunaniza umuryango wa Bunyoni ntusubire kumugemurira, maze  Bunyoni atangure gutuma hanze abamugurira ivyo akeneye. Abatanga ayo makuru bavuga ko intumbero y'ivyo vyose yoba ari kuronka uko boha Bunyoni ishano. Nta cemezo dufise kuri ayo makuru. Ico bikoze ivyaraye bibaye biratuma abantu bibaza vyinshi.
Ibi vyose biriko biba mu gihe urubanza rwa Général Bunyoni rwimirije gutangura mu gice c'iyungururizo muri Sentare Ntahinyuzwa ku wa 27.5.2024. Amakuru dufise avuga ko Prezida Ndayishimiye aremerewe cane n'abamusaba kurekura Général Bunyoni, haba mu gihugu ca Tanzania, haba no mu mugambwe CNDD-FDD. Iki kibazo kiramuhanze, hamwe aremera ko yomurekura, ahandi akisubirako. Ubwoba afise nuko kino kibazo c'ibitoro gishobora kunanirana rwose, mu gihe abahoze bazana igitoro bavugwa ko ari basomambike ba Bunyoni. Mu mugambwe naho bavuga ko ipfungwa rya Bunyoni ryatumye umugambwe CNDD-FDD usa n'uwatagifatanye, abawugwanya baca bawubamwo indani muri wo. Prezida Ndayishimiye we atinya ko kurekura Bunyoni bizosigura ko yamupfungiye ubusa, ko yamurementanirije maze irekurwa ryiwe rigahinduka intsinzi, agasohoka ameze nk'icungu. Bunyoni azoca akundwa kurusha na Ndayishimiye.
🔴 Ubwo iyo abantu bafise ubutegetsi baribuka ko buhera ?
Ifatwa rya Général Bunyoni ryari rikwiye kubera icigwa abiyita #Ibihangange bose muri CNDD-FDD. Mu basigaye, nta n'umwe yigeze gukomera kurusha Bunyoni. Ejo abasigaye bose barashobora kwisanga harya Bunyoni ari. None bariteguriye kubona abakobwa babo n'abakenyezi babo bambikwa ubusa kugira baze kubagemurira ? Prezida Ndayishimiye yumva azoshima za nkumi ziwe zambitswe ubusa umusi zamugemuriye mu gasho ? Ndikuriyo, Ndirakobuca, Niyongabo, Habarurema, koko muremeye ko bishitse mugapfungwa, abanyu bazosigara barambikwa ubusa ?
Twama turiko turashimika mu kwibutsa ko iteka ry'umuntu turikeneye TWESE. Umuntu naho yokwagirizwa ivyaha bikomeye gute, ntakwiriye kwamburwa iteka ryiwe nk'umuntu. Ivyo tuvyibuke ko bitwerekeye TWESE. Uko dufata ko bisanzwe iyo umuntu yambuwe iteka ryiwe, naho yoba uwo twita umwansi, niko twihamagarira ko natwe tuzamburwa iteka ryacu nk'abantu. Bunyoni ntiyigeze aba akarorero hageze kwubaha iteka ry'abandi, na canecane iry'abapfunzwe, ariko ntibisigura ko twoshogikira ko we n'abiwe bamburwa iteka ry'abantu. Nitwabikora, burya natwe tuzoba turiko turavyihamagarira.
🔴 Bunyoni nabere icigwa abakomeye, maze umwe wese yibuke ko ejo hiwe atahazi. Ubukuru burahenda cane, burahera. Ibohero ryagenewe bose, nitwubahe abariyo, ivyabo vyose bikorwe hisunzwe amategeko.
Pacifique Nininahazwe, FOCODE, 23.5.2024#amakuru_atarikwivumbi
#Amakuru_yurugendo_news
#Updats_zurugendo_news
Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
Amakuru ya RPA yihuta
Amakuru ya  Haguruka yihuta
Amakuru yinzamba yihuta
Amakuru ya  Peace FM yihuta
Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye
2 ماه پیش در تاریخ 1403/03/03 منتشر شده است.
54,045 بـار بازدید شده
... بیشتر