#RED_TABARA BARARAHIYE BARARENGWA KO BADASHIRA IBIRWANISHO HASI #amakuru ya #RPA 27-10-2023

URUGENDO NEWS
URUGENDO NEWS
3.8 هزار بار بازدید - 9 ماه پیش - 🤔 RED Tabara ngo kugira
🤔 RED Tabara ngo kugira ugaruke mu gihugu "hobanza kuba umwumvikano ku bijanye n'uko amatora atunganijwe"
📃 Ivyo tubisanga mw'ikete uwo mugwi washize ku rubuga X itariki 27 Gitugutu mu 2023. Mworisanga hano : https://shorturl.at/azERZ.
😉 Ni inyuma y'aho itariki 26 Gitugutu 2023, perezida Evariste Ndayishimiye agiranye umubonano n'ikigo "Institut européen pour la paix" (EIP) co mu bihugu vya Buraya citaho amahoro. Mubisanga aha : https://shorturl.at/iGJWZ.
👉🏾 Muri uwo mubonano, umukuru w'igihugu yarashikirije ko ashaka ko "RED Tabara wotahuka mu gihugu" ✅
✍🏾 Perezida Ndayishimiye yarashikirije kandi ko "inyuma yo gutaha, abarwanyi b'uwo mugwi bogirako bakurikiriza umugambi wo gushira ibirwanisho hasi (processus de désarmement, démobilisation et réintégration (DDR)".
📲 Mwobisoma hano : https://shorturl.at/dxzCT.
📄 Mw’itanganzo RED Tabara yasohoye yishura kuri ivyo perezida Evariste Ndayishimiye yashikirije, uwo mugwi wamenyesheje ko "ivyo vyose usabwa bitari mu migambi yawo". Ugasaba ko "hobanza kuba umwumvikano ko amatora yotunganywa yoba adakumira, abe amatora yigenga ahuza bose kandi abereye ku mugaragaro".
#amakuru_yurugendo_news
#Updats_zurugendo_news
#Interviews_zurugendo_news
9 ماه پیش در تاریخ 1402/08/05 منتشر شده است.
3,841 بـار بازدید شده
... بیشتر